CSV1972

Collectif des Survivants et Victimes du Génocide des Hutus avant et après 1972 au Burundi

Accueil > TWIGARUKIREKO > AGAPFUYE NTIKABAZWA IVU GUSA

AGAPFUYE NTIKABAZWA IVU GUSA

lundi 22 septembre 2014

TWIGARUKIREKO

AGAPFUYE NTIKABAZWA IVU GUSA

15/08/2014- 15/09/2014 : Kugira inama zihuza abasigwa n’abahitanywe n’ihonyabwoko bw’Abahutu.

Guterateranya $200 000+ yo kwubakisha icibutso c’abacu bahitanwe n’ihonyabwoko, hamwe n’ukwegeranya et les amazina n’imikono 5000 kdku baruwa risaba inama mpuzamakungo ONU kwemeza ihonyabwoko bw’abahutu mu Burundi

AMAKURU ABWIWE ABABUZE BOSE :

Inama ihuza ababuze ababo ari mu 1972 canke inyuma yaho, iramenyesheje ko hagiye kugirwa inama z’ababuze ababo bose zitegekanya kwegeranya amafaranga azokoreshwa mu kwubakira icibutso abantu bacu bishwe no kwegeranya amazina n’imikono 5000 ku nzandiko (Pétition) zizorungikirwa Inama Mpuzamakungu ONU kugira ryemeze ihonyabwoko bw’abahutu ari mu 1972 canke inyuma yaho.

IBISABWE ABASERUKIRA COLLECTIF MU BIHUGU CANKE IBISAGARA

15/08/2014- 15/09/2014 : Dusavye abishinze guserukira Collectif mu bihugu canke ibisagara babamwo ko botumatumako amanama yo gusigurira abandi Barundi bababajwe n’ivy’ihonyabwoko bw’abahutu ivo twishinze kurangura no gushikako muri uyu mwaka n’uwukwirikira.

IBIRIKO BIRARANGURWA UBU NYENE>

IKIRIMO 1 : ATA GUSUBIRA KUNUMA IVY’IHONYABWOKO RYAMAZE ABACU

a) Petition : Kwandika n’ugushira imikono ku baruwa twishinze kurungira Inama Mpuzamakungu ONU kugira yemeza ihonyabwoko bw’abahutu bwo mu 1972. (Ikete riza ryaranditswe)

b) 2015 i New York : Kwitegurira guhurira twese i New York muri Leta zunze ubumwe bwa Amerika ku wa 1-2/05/2015 kwibuka abacu bahitanwe n’ihonyabwoko ari mu 1972 canke inyuma yaho

c) Ibiraba Petero Buyoya : Kwandika n’ukurungika ikete rigaragaza ubwicanyi bwa Petero Buyoya yahoze ari Prezida w’uburundi tumenyesha ko uwo muntu adakwiye gutwar n’uguserukira inama Mpuzamakungu y’ibihugu bikoresha ururimi rw’igifaransa(Ikete ryararungutswe)

d) Kwishikira muri ONU : Hari abashingamateka ba leta ya canada batwemereye kuzoshikira inama nshingamateka ya Canada kudufasha gusaba Inama Mpuzamakungu ONU kewmeza ivy’ihonyabwoko bw’abahutu ryo mu 1972

IKIRIMO 2 : KWIBUKA NO KWIBUTSA ABACU BISHWE BAZIRA UBWOKO

a) ”Ntitwahonye Twigarukireko” : Umuntu wese yabuze asabwe intererano y’a $100+ (75 euros) kugira twegeranya gushika ku ma $200.000 (ibihumbi amajana abiri) azokoreshwa mu kwubakira ( i Burundi) icibutso c’abacu bishwe bazira ubwoko gusa.

b) Imva z’abacu : Gutohoza kugira tumenye aho abantu bacu bahambwe incuricuri kugira tuzosabe ko bahambwa nk’abantu bari baremwe n’Imana.

IKIRIMO 3 : GUSHIKIRIZA ABACAMANZA N’UMWE MU BAMAZE ABACU

Kuhanahana amazina y’aboba barishe abacu bakaba baba muri za Canada, Amerika canke mu bihugu vy’I Bulaya.

Soutenir par un don