CSV1972

Collectif des Survivants et Victimes du Génocide des Hutus avant et après 1972 au Burundi

Accueil > Inama mpuzabantu n’ikirangamisi > Imvo zitanu zisigura isango rya New York mu kwezi kwa Rusama (...)

Imvo zitanu zisigura isango rya New York mu kwezi kwa Rusama 2015

dimanche 12 octobre 2014

Imvo zitanu zatumye twigira inama yo kuzoja kwibukira i New York abacu bagandaguwe mw’ihonyabwoko bw’Abahutu ryo mu 1972

1. Kubera ko ari vyo twumvikanye mu nama Rusangi (AGA) yabaye kw-igenekerezo
rya 04 Rusama 2014 i Montréal muri Canada. Iyindi mvo ni kubera ko New York
ariho hari ibiro vy’Inama Mpuzamakungu (ONU).
2. Kugira ngo twebwe nyene twishikire ku Biro vy’Inama Mpuzamakungu hanyuma
dusemerere ivyahishijwe kw’ihonyabwoko bw’Abahutu ryo mu mwaka wa 1972
bije ahabona.
3. Kugira ngo twishuze inyishu y’urwandiko rusaba ko Inama Mpuzamakungu
yokwemeza icese ihonyabwoko bw’Abahutu ryo mu mwaka wa 1972.
4. Kugira ngo twerekane amafoto y’inyenga (ibipfuriro/ivyobo) (fosses communes)
abavyeyi/abavukanyi/abacance bacu batawemwo bunyamaswa.
5. Kugira ngo twebwe nyene dushikirize amazina y’abavyeyi/ abavukanyi/ abacance
bacu bahonejwe, hamwe n’amazina y’abasigaye ku ngoyi/ abacitse kw-icumu
twishinze ibikorwa vyo kubasubiza agateka.

Soutenir par un don