CSV1972

Collectif des Survivants et Victimes du Génocide des Hutus avant et après 1972 au Burundi

Accueil > Je me souviens > Des survivants témoignent > TÉMOIGNAGE #13 : Marcel-Magnus Kirigenda

TÉMOIGNAGE #13 : Marcel-Magnus Kirigenda

lundi 22 septembre 2014, par rwenyuza

TÉMOIGNAGE #13 : Marcel-Magnus Kirigenda

Nitwa KIRIGENDA Marcel-Magnus. Data yitwa KIRIGENDA Marcel hama mama ni NTIBIHINYURA Generose. Mu muryango turi batanu, abakobwa babiri(Kirigenda Madeleine et Kirigenda Consolatrice+) n’abahungu batatu(Kirigenda Jean Baptiste, Kirigenda Marcel-Magnus et Ntarugera Julien). Data yishwe 1972 n’abatutsi bariko bahonya abahutu kuva u Burundi buronka ukwikukira. Abahamwa kakanahirwa ka buhongo akab’ari abahutu cane cane bize n’abafise amatungo, abasoda n’abapolisi. Data KIRIGENDA Marcel, imbere ko yicwa 1972, yatanguye gufungwa imyaka itatu(1969-1971). Ico gihe twaba i Gihanga aho yari ajejwe amabanga yo guc’imanza(juge). Aho yaciye hose, nta munyagihugu n’umwe amwidigera canke amuvuge nabi. Abamuzi, bavuga ko yari umugabo w’intungane kandi avuga akanashira mu ngiro ico yiyumvira kandi akurikij’amategeko. Yarakoze i Makebuko(Gitega), Bujumbura, Musigati na Gihanga.

Kuva 1971 gushika agandagurwe 1972, yakora i Bujumbura kuri Grand Bureau. Ukugene baje kumufata, haje mu bureau iwe umugabo w’umututsi (Nzohabonayo/ Nzohabonimana Denis) yahoze ari directeur technique muri Mutuelle de la fonction publique maze atangazwa no kubona data(KIRIGENDA Marcel) akiriho. Data amubajije igituma, amwishura ati :”bishoboka gute ko uri ng’aha kandi abandi bamenja barabishwe”. Data amwishura amubwira ngo ahamagare baze kumufata. Niko nya mututsi Denis (yaba muri Camps de la Mission-hafi ya Saint Michel) guca akorokera kuri telephone ahamagara des agents du parquet abiganira ko hakiri umumenja kuri Grand Bureau. Nya bantu bamwishuye ko baje hama data aca aratunganya son bureau arabarindira. Nya mututsi Denis aca aja mu vyo kuja mu bindi bureaux guhing’abandi bahutu. Data abonye haciye iminota mirongo itatu bataje, aca yibwira kuza muhira kudusezera. Ico gihe twaba mu Bwiza, avenue de l’Universite(juste haruguru ya Mairie). Ashitse muhira 11:30H, akoranya mama na bakuru banje batatu (Kirigenda Madeleine, Kirigenda Jean Baptiste na Kirigenda Consolatrice+) abiganira ivyamushikiye. Mama (Ntibihinyura Generose) aca amubwira ngo ahunge canke yinyegeze, hama data amwishura ati ntaco yiyagiriza kandi vyanditse ko aza gupfa, nta kundi ashobora kurusimba. !3:30H niko guca asubira ku kazi ari kumwe na NTIBURAHIGOBEKA Francois. Agishika ku kazi, haca haza abagabo bamutwara mu gihe Francois yari agiye kwihagarika. Kuva ico gihe gushika uno munsi, ntituramenya canke dutohoze irengero ryiwe. Nkibaza ko nya mututsi yoba azi neza abo bantu baja gufata abahutu bubahuka kwita abamenja kandi atakibagira.

N.B. Abamenja=Abahutu

2. Ikindi nibuka, ni umugenzi wiwe bakorana kuri Grand Bureau. Yitwa Bitutsi. Minsi yose, yava muri Rohero II akaza guhitana data baje ku kazi. Bitutsi yaje gutwarwa n’abatutsi iminsi cumi imbere ko haramukirwa data. Aho kuri Grand Bureau, hari liste y’amazina yose y’abahutu bazokwicwa.

3. Iyindi ncuti, ni RUGURANE Pascal yaba mu Kamenge. Yishwe n’inkota z’inkoho bamuzibaguye mu gitanda kuri Hopital Prince Regent Charles(salle 9 hafi y’uburuhukiro). Twagiye kumusuhuza 13:00H na bakuru banje, je na mutoyi wanje kuko turi abana, abasoda batubuza kwinjira. Bakuru bacu bagiye, basanga RUGURANE yapfuye ari mu mashuka yuzuy’amaraso. Nya basoda (babatutsi) babakirana ishavu bakanashaka kumenya ico bapfana na Rugurane. Benewacu bagir’amahirwe babishura ko yari umuntu azinanye n’abavyeyi bacu, bisigura ko mu migenze y’ikirundi, ababanyi basuhuzana. Dushitse muhira bavyiganira mama, na we aca ababurira ko iyo bahirahira bakavuga ko Rugurane avukana na dawe, baca babarigata.

4. Abandi bagenzi ba data kandi twahora tubona ariko bishwe n’abatutsi, ni :

+ BUBIRIZA Pascal yigeze kuba Ministre

+ BENDURUMIRA

Ibi mvuze, nta kinyoma canke irementanya, ni ibintu nzi, nabonye kandi nabwiwe n’abantu boshobora kubishingir’intahe

Murakoze

Soutenir par un don